Ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’iyo ndege yari muri reconnaissance igihe yaraswa ku musi wa gatanu mu ntara ya Jonglei mu buseruko bw’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.
Umutegetsi w’umupolisi muri ako karere yamenyesheje ko ukwo gutana mu mitwe kwatanguye imbere y’ubucagucagu ku musi wa gatanu, igihe umurwi w’abo mu bwoko bw’aba Pokomo, bitwaje amacumi n’inkoho batera imihana y’abo mu bwoko bw’aba Orma.
Abanya Misiri bagera ku miliyoni mirongo ibiri na zitanu bari barakuriwe gutora ejo ku musi wa gatandatu. Abategetsi bajejwe amatora barongereje ikiringo c’amatora nkuko babigenjeje mu ncuro ya mbere ya referendum
Zuma yashikirije ijambo abaserukiye abandi iihumbi bine bari bakoraniye mu gisagara ca Bloemfotein kugira batore abayobozi b’umugambwe ANC bo mu kiringo c’imyaka itanu yimirije.
Urwego rwigenga rujejwe amatora n’imbibe w’igihugu ca Kenya ruri inyuma y’igihe ku vyerekeye kwandika abatora.
Umuntu aretse amatora y’umukuru w’igihugu, Abanya Ghana barahisemwo kandi abashingamateka amajana abiri na mirongo irindwi na batanu, aho umugambwe wa prezida Mahama, National Democratic Congress ufise ibibanza vyinshi.
Mw’ijambo yashikirije abantu barenga ibihumbi ijana mu gisagara ca Gaza City, Meshaal yavuze ko Palestina ari iy’Abanyapalestina, kuva kw’ibahari Mediterranee gushika ku ruzi Jordani. Yavuze ko Plestina izoguma ari intara y’Abarabu irangwa n’idini rya Islam.
Abatavuga rumwe na Reta ya Misiri nta nyishu batanze icese kw’ifutwa ry’iyo ngingo. Ingingo prezida Morsi yari yafashe mu kwezi guheze hamwe na referendum vyatumye haba imyiyerekano yageramiye igihugu ca Misiri mu kiringo c’indwi zibiri zirangiye .
Mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye, hafi y’abatavuga rumwe na Reta mirongo itatu baravuye mu murwi wateguye ibwirizwa nshingiro mu mugambi w’ukwiyamiriza ivyo bise kunyuruza igikorwa c’ugutunganya ibwirizwa nshingiro rishasha cagizwe n’abashigikiye prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi.
Igisirikare ca Reta ya Syria cateye ibibanza vyiziziwe n’abagwanya ubutegetsi mu bice biri kw’ibarabara rija ku kubuga c’indege co ku murwa mukuru, Damas.
Harabaye akamwemwe mu nama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu, inyuma yuko iyo ngingo yemejwe ejo ku musi wa kane n’amajwi ijana na mirongo itatu n’umunani ku majwi icenda, mu gihe ibihugu mirongo ine na kimwe vyihojeje gutora.
Televiziyo ya Reta y’igihugu ca Syria yarerekanye amasanamu y’ivyo bitero n’aho vyabereye mu gice kibamwo ahanini n’Abakristu n’Abadruze.
Ibihugu vya Espagne, Danemark n’Ubuswisse vyatangaje ejo ku musi wa gatatu ko bifise imigambi bazoshigira ako kigoro k’ubutegetsi bw’Abanyapalestina. Uburusiya n’Ubushinwa navyo nyene vyerekanye ko bizoshigikira ibisabwa n’ubutegetsi bw’Abanyapalestina.
John McCain wo mu ntara ya Arizona, Lindsey Graham wo mu ntara ya South Carolina na Kelly Ayotte wo mu ntara ya New Hampshire barashiirije amajambo inyuma y’inama yabaye mu mwiherero ejo ku musi wa kabiri na Susan Rice, ashobora kugenwa kuba Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika.
Ayo masanamu yasohowe ku musi wa mbere n’ishirahamwe DigitalGlobe, yerekana ukwiyongera kw’igitigiri c’abantu, amakamyo n’ibindi bikoresho mu kibanza ca Sohae Sattelite Launch Station, mu gihugu ca Korea ya ruguru.
Abapolisi bararashe imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano bariko batera amabuye hafi y’ikibanza ca Tahrir Square ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo.
Ivyavuye mu matora y’ejo ku musi w’Imana vyerekana kw’urunani rwa prezida w’intara ya Cataloniya akongera akaba umu candidat aharanira ukwikukira kw’iyo ntara Artur Mas rwatsindiye ibibanza mirongo itanu canke birenga mu nama nshingamateka y’ibibanza ijana na mirongo itatu na bitanu
Abantu isinzi baratonze kandi kw’ibarabara hagati y’ikibuga c’indege n’ibiro vya prezida. Prezida Abdelaziz yararamukije abari baje kumwakira, yamara nta tangazo yashikirije.
Ivyo Mohammed ElBaradei, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel yabitangarije imbere y’abantu bari bakoraniye ejo ku musi wa gatandatu mu kibanzaca Tahrir Square kiri hagati ku murwa mukuru, Cairo
Itangazo basohoye ejo ku musi wa gatandatu rayasavye kandi abagwanya ubutegetsi kureka kuvuga ko bashaka kutembagaza Reta ya Congo.
Voma ibindi