Uko wahagera

Uburusiya Bwasavye Ihanwa ry’Abakoroye Indege ya Kajugujugu y’Ishirahamwe O-N-U


Sudan yo mu Bumanuko Kw'Ikarata ya Afrika
Sudan yo mu Bumanuko Kw'Ikarata ya Afrika
Uburusiya bwasavye Sudani yo mu bumanuko guhana abagize uruhara ,mw’iraswa ry’indege ya kajugujugu y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu vyahitanye abarusiya bane bari muri iyo ndege.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu c’Uburusiya, ejo ku musi wa gatandatu, ryasavye abategetsi b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko gufata intambwe, zigenewe gutuma ibintu nkivyo bidasubira kuba.

Igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko carashe iyo ndege ya kajugujugu y’ishirahamwe O-N-U, ku musi wa gatanu. Umuvuguzi w’igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko yatangaje kw’inteko za Sudani yo mu bumanuko zihenze, mu kwibaza kw’iyo ndege yari ishiriye ibigwanisho abagwanya ubutegetsi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon yariyamirije yivuye inyuma ico gitero,mu kuvuga kw'iyo ndege ya kajugujugu y'ishirahamwe O-N-U, yari ifise ibimenyetso bigaragara, kw’ari iy’iryo shirahamwe. Yasavye Reta ya Sudani yo mu bumanuko, kugirisha itohoza bidatevye.

Ishirahamwe O-N-U rimenyesha kw’iyo ndege yari muri reconnaissance, igihe yaraswa, ku musi wa gatanu, mu ntara ya Jonglei, mu buseruko bw’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.
XS
SM
MD
LG