Uko wahagera

Prezida w’Igihugu ca Misiri Yarakuyeho Ingingo Yari Yafashe Imuha Ububasha Burengeye Urugero


Prezida w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida w’igihugu ca Misiri, yarafuse ingingo yari yafashe, mu kwezi sguheze, yamuha ububasha burengeye urugero. Ivyo yabigize kugira agabanye umwuka mubi wa politike, n’uruhagarara biri, mu gihugu ca Misiri.

Yamara umuvugizi wa prezida Morsi yatangaj,e mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu, ko referendum kw’ibwirizwa nshingiro, ridahuriweko na bose, izoba nkuko vyateguwe kw’italiki cumi na zitanu, z’uku kwezi kw’icumi na kabiri. Abatavuga rumwe na Reta ya Misiri nta nyishu batanze icese ,kw’ifutwa ry’iyo ngingo.

Ingingo prezida Morsi, yari yafashe, mu kwezi guheze, hamwe na referendum vyatumye haba imyiyerekano, yageramiye igihugu ca Misiri, mu kiringo c’indwi zibiri zirangiye.

Abatavuga rumwe na Reta bavuga kw’integurro y’ibwirizwa nshingiro yatunganijwe n’abashigikiye prezida Morsi, batabigizemwo uruhara.

Basavye ko referendum itegekanijwe ikurwaho, integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro igatunganywa, abatavuga rumwe na Reta batanze intererano.

Abayoboye abatavuga rumwe na Reta, bagirije kandi prezida Morsi ko yakoresheje ingingo yafashe, kw’italiki mirongo ibiri na zibiri, z’ukwezi kw’icumi na rimwe, kugira yihe ubutegetsi, burengeye urugero ,mu vyibutsa prezida Hosni Mubarak, yakuwe ku butegetsi.
XS
SM
MD
LG