Uko wahagera

Referendum Kw’Ibwirizwa Nshingiro Rishasha ry’Igihugu ca Misiri Yararangiye


Igikorwa c'Uguharura Amajwi inyuma ya Rerefendum kw'Ibwirizwa Nshingiro Rishasha mu Gihugu ca Misiri
Igikorwa c'Uguharura Amajwi inyuma ya Rerefendum kw'Ibwirizwa Nshingiro Rishasha mu Gihugu ca Misiri
Amatora y’icuro ya kabiri, ariyo ya nyuma, kuri referendum kw’ibwirizwa nshingiro, mu gihugu ca Misir,i vyatumye haba imyiyerekano n’uruhagarara, mu kiringo c’indwi zitari nke, yararangiye.

Abanya Misiri bagera ku miliyoni mirongo ibiri na zitanu, bari barakuriwe gutora, ejo ku musi wa gatandatu. Abategetsi bajejwe amatora barongereje ikiringo c’amatora, nkuko babigenjeje mu ncuro ya mbere ya referendum.

Ivyavuye mu ncuro ya mbere y’amatora, bitaratangazwa icese, vyerekana kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ryemejwe, hafi y’ibice mirongo itanu n’indwi kw’ijana vy’abatoye.

Umugambwe, The Muslim Brotherhood, urashigikiye ibwirizwa nshingiro rishasha. Yamara abatavuga rumwe na Reta bafise ubwoba kw’iryo bwirizwa nshingiro rishasha, rizogeramira uburenganzira bw’AbanyaMisiri, kubera rikomeza uruhara rw’amategeko afatiye kw’idini rya Islamu, kandi ata na kimwe rivuga ku burenganzira bw’abapfasoni.

Ivyerekeye igihe ivya nyuma bivuye mu matora bizotangazwa, ntibitomoye.
XS
SM
MD
LG