Uko wahagera

Igitigiri c’Abapfuye Mu Gutana Mu Mitwe Gufatiye Ku Bwoko Muri Kenya Cariyongeye


Abana Bakomeretse mu Mihana yo mu Karere ka Tana River
Abana Bakomeretse mu Mihana yo mu Karere ka Tana River
Abategetsi, mu gihugu ca Kenya, batangaje kw’igitigiri c’abahitanywe n’ugutana mu mitwe gushasha, gufatiye ku bwoko, mu ntara ya Tana Rive,r mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya, cashitse kuri mirongo ine na batanu.

Umutegetsi w’umupolisi, muri ako karere yamenyesheje kw'ukwo gutana mu mitwe, kwatanguye, imbere y’ubucagucagu, ku musi wa gatanu, igihe umurwi w’abo mu bwoko bw’aba Pokomo, bitwaje amacumi n’inkoho, batera imihana y’abo mu bwoko bw’aba Orma.

Ishirahamwe rijejwe gutaba, Croix Rouge ,mu gihugu ca Kenya, ryatangaje kw’abana cumi na batatu n’abapfasoni batandatu, bari mu bishwe, mu gitero cabay,e mu mihana y’ahitwa Kipao. Inzu mirongo ine na zitanu canke zirenga zaraturiwe.

Ibiro vya prezida wa Amerika, “Maison Blanche” vyariyamirije bikomeye, ubwicanyi bwasubiye kwaduka muri Kenya. Itangazo ibiro vya prezida wa Amerika, vyasohoye ryarifatanije mu mubabaro n’imiryango y'ababuze ababo, muri ubwo bwicanyi, rikaba ryasavye abategetsi ba Reta y’igihugu ca Kenya, igipolisi n’abayoboye ubwoko, guhagarika ugutana mu mitwe, kwiha inkumbi, kwama kwabaye.
XS
SM
MD
LG