Uko wahagera

Igihugu ca Syria Caragize Igitero Hafi y’Ikibuga c’Indege co ku Murwa Mukuru, Damas


Isanamu y'Indege y'Ingwano ya Reta ya Syria Yari Ikorowe n'Abgwanya Ubutegetsi
Isanamu y'Indege y'Ingwano ya Reta ya Syria Yari Ikorowe n'Abgwanya Ubutegetsi
Inteko z’Igihugu ca Syria, zaragize igitero gikomeye, ku murwa mukuru wa Syria, Damas, hafi y’ikibuga mpuzamakungu, ejo ku musi wa kane, Reta ya Syria ikaba yarazibiye ikoreshwa rya internet, mu gihugu, yongera irazibira ikoreshwa ry’amatelefone agendanwa, mu bice bimwe bimwe.

Igisirikare ca Reta ya Syria, cateye ibibanza vyiziziwe n’abagwanya ubutegetsi, mu bice biri kw’ibarabara rija ku kubuga c’indege, co ku murwa mukuru, Damas.

Umwe mu bagwanya ubutegetsi, yavuze kw’abagwanya ubutegetsi ,batari ku kibuga c’indege, ko yamara bashoboye kuzibira amayira ajana, kuri ico kbuga c’indege.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, rifise icicaro I Londres, mu Bwongereza, The Syrian Observatory for Human Rights, ryatangaje kw’ugutana mu mitwe gukomeye cane, kwadutse hagati y’inteko za Reta, n’abagwanya ubutegetsi, mu bisagara vya Babila na Hujaira, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Damas, n’ahitwa Harran al-Awamid, mu buseruko bw’ikibuga c’indege, ku murwa mukuru wa Syria Damas.

Ingwano yabaye, inyuma yuko internet ihagaritse gukora, vyatumye amashirahamwe y’indege zitwara abantu, EgyptAir na Emirates Airline, abuza indege zayo kuja, ku murwa mukuru wa Syria, Damas.
XS
SM
MD
LG