Uko wahagera

Amasanamu ya Satellite Yerekana ko Korea ya Ruguru Isa n’Iyiriko Irategura Igeragezwa rya Missile


Prezida wa Korea ya Ruguru, Kim Jong-Un n'Umutambukanyi Wiwe, Ri Sol-Ju
Prezida wa Korea ya Ruguru, Kim Jong-Un n'Umutambukanyi Wiwe, Ri Sol-Ju
Ishirahamwe rikoresha amasatelite, DigitalGlobe, ryatangaje kw’amasanamu mashaha yerekana ukwiyongera kw’ibikorwa, mu kibanza aho Korera ya ruguru irungika mu kirere amamisile, mu bibonwa kw’igeragezwa rya misile ishika kure cane, rishobora kuba mu ndwi kneyi ziri imbere.

Ayo masanamu yasohowe, ku musi wa mbere, n’ishirahamwe DigitalGlobe, yerekana ukwiyongera kw’igitigiri c’abantu, amakamyo n’ibindi bikoresho, mu kibanza ca Sohae Sattelite Launch Station, mu gihugu ca Korea ya ruguru.

Ishirahamwe, DigitalGlobe, ryatangaje ko hamwe igihugu ca Korea ya ruguru cobishaka, gishobora kugerageza misile balistike ishika kure cane, mu ndwi zitatu zimirije.

Iryo shirahamwe ,ryatangaje ibikorwa biriko biba, muri iki gihe, bisa n’ibikorwa vy’ukwitegaurira igeragezwa ry’amamisil,e vyabaye imbere y’irungikwa mu kirere rya roquette, ryananiwe mu kwezi kwa kane, muri Korea ya ruguru.

Naho igeragezwa ry’amamisile ryananiwe, mu bihe vya vuba, abategetsi ba Korea ya ruguru, babonwa ko bariko batunganya missile balistique intercontinental, igenewe gushobora gushika, muri Amerika.
XS
SM
MD
LG