Uko wahagera

Prezida wa Mauritania Yaratahutse mu Gihugu Ciwe Avuye Kwivuza mu Bufransa


Prezida wa Mauritania, Mohamed Ould Abdel Aziz
Prezida wa Mauritania, Mohamed Ould Abdel Aziz
Prezida w’igihugu ca Mauritaniya, Mohamed Ould Abdelaziz yarayahutse mu gihugu ciwe avuye mu gihugu c’Ubufransa mu bwabaye ubwa mbere kuva akomerekejwe n’umwe mu basirikare biwe mu kwezi guheze. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye ku kivuga c’indege ejo ku musi wa gatandatu kwakira prezida Abdelaziz ku murwa mukuru, Nouakchott.

Abantu isinzi baratonze kandi kw’ibarabara hagati y’ikibuga c’indege n’ibiro vya prezida. Prezida Abdelaziz yararamukije abari baje kumwakira, yamara nta tangazo yashikirije.
Yamaze indwi zitandatu mu gihugu c’Ubufransa aho yari kwivuza inyuma yuko patrouille y’igisirikare irashe ku modoka zari zimuherekeje. Reta y’igihugu ca Mauritaniya yatangaje kw’ivyo bitabaye n’impaka.

Prezida Abdelaziz yafashe ubutegetsi muri coup d’etat mu mwaka w’2008, mu gihugu gifise kahise k’ama coups d’etat. Yaratsinze amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2009.
XS
SM
MD
LG