Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wariyitiriye iyicwa rya Warsame yarashwe, ku musi wa gatatu, hanze y’ihoteri Ambassador, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho
Nta makuru atomeye yari bwamenyekane,ku musi wa gatatu, ku vyerekeye ikororwa ry’izo ndege zibiri, mu gihe abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Ukraine biyitiriye ikororwa ry’izo ndege
Prezida w’igihugu ca Israel, Shimon Peres, yavuze kw’agifise umwizero kw’inyishu izoboneka
Umurwi mutoyi w’abantu, bavurwa ko bagerageje kwinjira mw’ikambi y’igisirikare ya, Tshatsi, i Kinshasha, yamara barahagaritswe.
Abategetsi bajejwe iperereza, muri Amerika, bavuga ko batazi nimba hari Abarusiya boba bari bahari, igihe misile yakoroye iyo ndege yaraswa
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, bose bari mu karere ka Israel n’abanya Palestina.
Umuvugizi w’ibiro vy’igihugu bijejwe gutabara, mu bihe vyihutirwa, Abdulkadir Ibrahim, yatangaje kw’abasivile bahunze igisagara ca Damboa, n’imihana yo mu micungararo y’ico gisagara, mu kiringo c’imisi itari mike irangiye.
Vyari bitegekanijwe ko John Kerry, avugana na Ban Ki-moon, ku nfashanyo y’imiliyoni mirongo ine n’indwi z’amadolari, igenewe gufasha abantu ibihumbi n’ibihumbi, bavuye mu vyabo, mu ntara ya Gaza.
Ishikirizwa ry’ivyo vyuma ryabaye mu masaha akuzeyo ku musi wa mbere, mu nama yabereye, mu gisagara ca Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine.
Abategetsi b’igipolisi bavuga umwe mu barashwe yakomeretse, ku buryo bishobora guhitana ubuzima bwiwe, mu gihe abandi babiri ubuzima bwabo butageramiwe.
Ivyabona, n’abategetsi, bavuze kw’abo barwanyi bishe abantu amajana n’amajana, muri ivyo bitero, bongera baraturira amazu n’ibibanza bigirirwamwo imirimo y’ubudandaji bitari bike
Prezida Putin yabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron, na prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, i Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa
Reta y’Ubushinwa yarashigikiye ipfungwa ry’abanebagura Reta, mu kuvuga ko bikwirikije amategeko.
Prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yabwiye inama nshingamateka, ku musi wa kabiri, kw’ikambi y’abarwanyi, hanze y’igisagara ca Severodonetsk, mu ntara ya Luhansk, yasambuwe
Mutharika yabwiye abamushigikiye, ku kibuga co ku mu gisagara ca Blantyre, kw’ashaka gusubiza hamwe n’uwahoze ari prezida, Joyce Banda
Ishirahamwe, Human Rights Watch, rimaze ikiringo kirenga imyaka irenga mirongo ibiri rikorera mu Rwanda, kuva imbere y’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994
Izo ntumwa zidasanzwe, mu karere k’ibiyaga binini, zarashimishijwe n’ukuba zarabonanye na prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, aho bavuganye ku kugene ibintu vyifashe mu Burundi.
Ico gitero cabaye, ku musi w’Imana cabereye mu gisagara ca Mubi, mu ntara ya Adamawa
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Sudani, Abubakar Al-Sidiq, yatangaje ko Mariam Yahya Ibrahim, adashobora kurekurwa sentare yungururizwamwo imanza idafashe ingingo.
Abavyeyi biwe baramusomeye ubutunwa, ku musi w’Imana, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, mu ntara yabo ya Idaho.
Voma ibindi