Uko wahagera

Abantu Amajana n'Amajana, muri Nigeria, Barishwe, mu Bitero Vyagirizwa Umurwi Boko Haram


Igice ca Gwoza, mu ntara ya Borno ahabereye ubwicanyi bukabije ku basivile
Igice ca Gwoza, mu ntara ya Borno ahabereye ubwicanyi bukabije ku basivile
Abantu bitwaje ibirwanisho, babonwako ari abarwanyi b’umurwi Boko Haram, barishe abantu batari bake, mu mihana iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, igitero nkico kigira kane gitangajwe, muri iyi ndwi.

Abatanze amakuru, muri ico gice, babwiye Ijwi rya Amerika, Service y’igi Housa, kw’abo bantu, bari bambaye impuzu z’igisirikare, binjiye mu mihana y’ahitwa Bardari, mu ntara ya Borno, ku musi wa gatatu, basaba abanyagihugu kuza kwumviriza umushikirizabutumwa.

Ayo makuru yatangaje kw’igihe ababa muri ico gice ca Bardari bakorana, abo bantu bari bambaye impuzu za gisirikare, baciye batangura kurasa.

Abikekwa kw’ari abarwanyi, bakoresheje uburyo nkubwo ,baragize ibitero, mu yindi mihana y’ahantu hatatu, ku musi wa mbere, no ku musi wa kabiri mu gice ca Gwoza, mu ntara ya Borno, ikibanza ciziziwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram.

Ivyabona, n’abategetsi, bavuze kw’abo barwanyi bishe abantu amajana n’amajana, muri ivyo bitero, bongera baraturira amazu, n’ibibanza bigirirwamwo imirimo y’ubudandaji bitari bike.

Ibindi bitero vyaratangajwe, ku musi wa kan,e mu bisagara bibiri, Madagali na Kubla, vy’intara ya Adamawa, ihana urubine n’intara ya Borno.

Umu Senateri aserukira igice co mu bumanuko bw’intara ya Borno, avuga kw’abarwanyi bafashe ibice bitari bike, bakaba badugije amadarapo, mu bisagara bafashe.
XS
SM
MD
LG