Umusirikare w’umunyamerika, yari yagizwe imbohe muri Aghanistani, aherutse kurekurwa, Bowe Bergdahl yarinjiye mu bitaro vy’igisirikare vya Amerika, mu gihugu c’Ubudagi.
Abaganga bazosuzuma uko ameze, bamuvure mu buryo bukenewe. Abaganga batangaza ko bazofasha Bowe Bergdahl gusubira kumera neza.
Abavyeyi biwe, Bob na Jani, baramusomeye ubutunwa, ku musi w’Imana mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru mu ntara yabo ya Idaho. Bamenyesheje ko batigeze batakaza umwizero.
Bongeye kandi bavuga ko bishimiye umuhungu wabo, kuba yarondeye gufasha abanya Afghanistani.
Aba Talibani, mu gihugu ca Afghanistani, barekuye Bergdahl, ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, mu mugambi w’ugukaba n’abanyororo batanu b’intagondwa, bapfungiwe mw’ikambi y’igisirikare ya Guantanamo, muri Cuba.
Abo bantu batanu b’intadonndwa bajanywe n’indege, mu gihugu ca Qatar, igihugu cagize uruhara rw’uguhuza mu biganiro.
Aba Talaibani bafashe Bergdahl, haheze imyaka itanu, mu buryo gushika ubu budatomoye.