Uko wahagera

Inteko za Congo Zaratujije Igitero, kw'ikambi y'Igisirikare, ku Murwa Mukuru.


Ikarata ya Republika Iharanira Demokrasi ya Congo
Ikarata ya Republika Iharanira Demokrasi ya Congo

Abantu bitwaje ibirwanisho barateye ikambi y’igisirikare, ku murwa mukuru wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, ku musi wa kabiri, yamara Reta y’igihugu ca Congo imenyesha kw’ibintu vyasubiye mu buryo bidatevye.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, umuvuguzi wa Reta ya Congo, Lambert Mende, yatangaje kw’umurwi mutoyi w’abantu bagerageje kwinjira mw’ikambi y’igisirikare ya Tshatsi, i Kinshasha, yamara ko bahagaritswe.

Yamenyesheje kw’abategetsi batari bwamenye, ku musi wa kabiri, nimba abagize ico gitero bari abagira iterabwoba, canke ibisuma.

Ubutumwa bwanditse, bwasomwe kuri televiziyo ya Reta, bwatangaje kw’abanyagihugu badakeneye kugira ubwoba. Umuvugizi wa Reta ya Congo, Lambert Mende, yamenyesheje kw’inteko zariko zigenzura umurwa mukuru, Kinshasa, mu gikorwa c’uguhumuriza abanyagihugu.

Umwuka mubi wa politike uriko uriyongera, muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, mu gihe hari urukurukuru, ko prezida Joseph Kabila, ashobora kugerageza gushindura ibwirizwa nshingiro, kugira yitoze mu kiringo kigira gatatu, mu mwaka w’2016.

.

XS
SM
MD
LG