Uko wahagera

Sudani Yarahakanye ko Yimrije Kurekura Umupfasoni, Mariam Yahya Ibrahim


Sudani kw'ikarata
Sudani kw'ikarata
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Sudani, bwarabeshuje amakuru yashikirijwe, kw’umupfasoni yaciriwe urubanza rw’ugupfa, kubera yanse guheba idini ryiwe ry’aba Kritsu, azorekurwa mu misi iri imbere, inyuma yuko amakungu yiyamirije iyo ngingo.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Sudani, Abubakar Al-Sidiq, yatangaje ko Mariam Yahya Ibrahim, adashobora kurekurwa sentare yungururizwamwo imanza idafashe ingingo.

Ibrahim yaciriwe urubanza rw’ugupfa, amanitswe, mu kwezi guheze, inyuma yuko yanse kuvuga kw’ari umu Islamu. Umupfasoni Mariam Yahya Ibrahim ,yamenyesheje ko yarezwe na nyina wiwe nk’umu Kristu, yamara ko kubera se wiwe ari umu Islamu, amategeko y’idini rya Islamu abona kw’ari umu Islamu.

Hisunzwe ayo mategeko, guhindura idini n’icaha. Urubanza rw’ugupfa MariamYahya Ibrahim yaciriwe, rwariyamirijwe n’amakungu. Ama Reta y’ibihugu vyo kw’isi, n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu ariko asaba Reta y’igihugu ca Sudani gusubira kuri iyo ngingo. Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye Reta y’igihugu ca Sudani, kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu, bw’uguhitamwo idini bashaka.
XS
SM
MD
LG