Uko wahagera

Prezida Mushasha wa Malawi, Peter Mutharika,Yararahiye


Prezida Mushasha wa Malawi, Peter Mutharika
Prezida Mushasha wa Malawi, Peter Mutharika
Prezida mushasha w’igihugu ca Malawi, Peter Mutharika, yararahiye mu mabanga yiwe y’ukuyobora igihugu, ku musi wa mbere, inyuma y’amatora atemewe n’uwo yasubiriye.

Mutharika, yabwiye abamushigikiye, ku kibuga co ku mu gisagara ca Blantyre, kw’ashaka gusubiza hamwe, n’uwahoze ari prezida, Joyce Banda, ivyo yasavye ko hoba amatora mashasha, vyiyamirijwe na sentare nkuru y’igihugu ca Malawi.

Prezida mushasha, Peter Mutharika, afise imyaka mirongo irindwi n’ine, avugakana n’uwahoze ari prezida yitavye Imana, Bingu wa Mutharika, urupfu rwiwe mu mwaka w’2012, rwatumye Joyce Banda, yari icegera ca prezida, ashikira amabanga y’umukuru w’igihugu.

Prezida mushasha, Peter Mutharika, aracahanganye n’ivyaha vy’uguhemuka, kubera yagirizwa ko yateguye coup d’etat, inyuma yuko uwo bavukana, Bingu wa Mutharika, apfuye.

Ku musi w’Imana, umuvuguzi w’umugambwe wa prezida, Peter Mutharika, Democratic Peeople’s Party, yabwiye Ijwi rya Amerika ko yizeye kw’ivyo vyagirizo bizozimangana.

Yongeye avuga ko prezida Mutharika, azoshikriza Reta, mu mpera z’iyi ndwi.
XS
SM
MD
LG