Abatandukanye barimwo Abarundi baba muri Ukraine babandanya guhunga. Mu kiganiro Ambasaderi Edouard Bizimana aserukira Uburundi mu Burusiya yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Frederic Nkundikije, yasiguye ko abarundi bake bamaze guhungira muri Pologne no mu Budagi.
Inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, yararangiye ku musi wa mungu, itariki 31 y’ukwezi kwa mbere, I Addis Abeba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, batumvikanye ku mugambi wo kurungika mu Burundi, inteko zijejwe gukingira abanyagihugu.
Abarundi ni bo bazi neza ivyo bapfa kurusha abanyamahanga, kenshi na kenshi badatahura neza umuzi w’ingorane n’ibibazo.
Umushingantahe Sindimwo avuga ko ibiganiro bya Arusha byakunganira ibizahuza Abarundi bose
Igisagara ca Entebbe muri Uganda ni co cakiriye ibiganiro vya mbere bihuza Abarundi.
Ibiganiro bizokomereza mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kw'igenekerezo rya 6 ukwezi kwa mbere mu mwaka uza wa 2016
Umurundikazi yararonse agashimwe Impact Hub, mu gihe abandi batatu, baronse agashirukabute, vyatunganijwe n’ishami rya Impact Hub riri i Bujumbura mu Burundi.
Kwinjiza impunzi mu barwanyi bibangamiye amategeko n'uburenganzira bw'impunzi kw'isi.
Mur'iki gihe abarundi bose bari biteze ibiganiro bihuza abarundi, ibara ryarasubiye kugwa mu Burundi.
Mu cegeranyo cashikirijwe n’abajejwe umutekano mu Burundi, abantu barenga 250 baramaze kwicwa kuva aho hatanguriye uruhagarara rwa politike.
Burundi, amabi n’akarenganyo bikorewa abapfasoni hamwe n’abakobwa, ntakiri agaseseshwarumuri
Igikorwa co kurondera, kwandika hamwe no gutangaza amakuru, mur’iki gihe uruhagarara rwa pollitike mu Burundi, rubandanya, gisa n’ikitoroshe:
Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano ku musi wa kane igenekerezo rya 12 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, yarafashe icemezo ku Bu Burundi.
Ku musi wa kane niho inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yashikiriza icemezo ku Burundi.
Imigenderanire hagati y’Uburundi n”Urwanda irimwo icuka kibi ca politike kibonekera mu ngingo zafashwse zo guhagarika uruja n’uruza ku mipaka, ivyo bihugu, bisangiye.
Voma ibindi