Uko wahagera

Burundi: Reta Isanga Inteko 5000 Zidakenewe


Perezida w'Ubuganda Yoweri Museveni
Perezida w'Ubuganda Yoweri Museveni

Umushingantahe Sindimwo avuga ko ibiganiro bya Arusha byakunganira ibizahuza Abarundi bose

Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga kw’ibiganiro vy’I Arusha ar’ibiganiro bizoba biriko birunganira ibiganiro bizohuza abarundi bose.

Ivyo yarabisguriye intumwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika idasanzwe mu ntara ya Afurika y’ibiyaga binini mu nama bagiranye kw’igenekerezo rya ry’umunani ry’ukwezi kwa mbere mur’uyu mwaka. Ni igihe yari mu rugendo I Washington DC.

Umushingantahe Sindimwo avuga kandi kw’inteko 5000 zitegekanwa kurungikwa mu Burundi n’ishirahamwe rya Afurika zidakenewe. Asobanura ko iyaba zikenewe reta y’Uburundi yari kuba imaze kuzisaba.

Visi-Perezida wa mbere Gaston Sindimwo yaragendeye kandi igisagara ca New York, aho yabonanye n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, Ban Ki-moon, Jamal Belami, na we nyene baraheza baganira ku bibazo vyerekeye Uburundi.

Nyuma y'iyo mibonano, Visi-Perezida Sindimwo yaganiye n'umunyamakuru Frederic Nkundikije w'Ijwi ry'Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:03 0:00

XS
SM
MD
LG