Uko wahagera

U Rwanda Rukekwa Kwinjiza Impunzi z’Abarundi mu Barwanyi


Inkambi y'impunzi ya Mahama mu burasirazuba bw'u Rwanda
Inkambi y'impunzi ya Mahama mu burasirazuba bw'u Rwanda

Kwinjiza impunzi mu barwanyi bibangamiye amategeko n'uburenganzira bw'impunzi kw'isi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi ryitwa, Refugees International, ritangaza ko ritewe amakenga kw’ubuhingiro buhabwa abasivile bakeneye kugarukirwa, buriko burageramirwa.

Iryo shirahamwe rivuga kw’impunzi z’Abarundi zivuga ko ziriko zirinjizwa mu murwi witwaje ibigwanisho, zikinjizwa n’imirwi y’abarundi hamwe n’abanyarwanda. Ibintu bavuga ko bikorerwa mur’ayo makampi y’impunzi, biratyoza amategeko mpuzamakungu kandi bishobora kudurumbanya umutekano m ntara.

Iryo shirahamwe, rikorera mu mujyi wa Washington, DC, muri Amerika, rivuga ko kubera ico kibazo cihutirwa, abantu bose bafise uruhara mu ntureka iri mu Burundi, reta y’Urwanda hamwe n’amakungu bitegerezwa vyose kwiyamiriza no guhakana vyivuye inyuma, iyo nyifato yo kwinjiza impunzi mu mirwi yitwaje ibigwanisho:

Iyo raporo isaba ko impande zose zegwa n’ikibazo c’indyane ziri mu Burundi, zisabwa kwubahiriza kandi zigakora ibishobotse vyose kugira ngo abasivile hamwe n’impunzi, bakingirwe, ntibinjizwe mu gisigikare.

Mu kiganiro Murisanga kw'Ijwi ry'Amerika, abanyagihugu bahawe akanya ko kuvugana n'impuguke kuri iki kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:50:06 0:00

XS
SM
MD
LG