Uko wahagera

Burundi: Amahoro ni Uruhara rwa Buri Wese


Ildephonse Rugema
Ildephonse Rugema

Abarundi ni bo bazi neza ivyo bapfa kurusha abanyamahanga, kenshi na kenshi badatahura neza umuzi w’ingorane n’ibibazo.

Abahinga hamwe n’abarundi batari bake bavuga kw’indyane ziri mu Burundi zitazokworoha gutorera inyishu, naho ibiganiro vyotangura.

Bamwe bavuga kw’ikintu ca mbere gihambaye kwoba ukuvuga ukuri hanyuma abarundi bagafata n’intumbero nshasha, maze abo batavuga rumwe nabo, ntibababone nk’abansi.

Ikindi kintu abatari bake bagize imisi bashikriza mu biganiro bitandukanye n’uko indyane ziri hagati y’abarundi, zotorerwa umuti n’abarundi ubwabo. Basobanura ko aribo bazi neza ivyo bapfa kurusha abanyamahanga, kenshi na kenshi badatahura neza umuzi w’ingorane n’ibibazo biri hagati y’Abarundi.

Mu kiganiro Murisanga, Ijwi ry'Amerika ryatumiye umushingantahe Ildephonse Rugema, umunyagihugu arajwe ishinga n’ikibazo c’indyane ziri hagati y’abonse rimwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:53:08 0:00

XS
SM
MD
LG