Amashirahmwe ajejwe gukingira abamenyeshamakuru arabandanya gutera akamo gasaba ubwigenge bw’abamenyeshamakuru; akamo gasaba kandi reta y’Uburundi kureka guturubika abamenyeshamakuru.
Mur’ayo mashirahamwe twovuga FAJ, ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’Abanyafurika, ryateye akamo ku musi wa gatatu gasaba guhagarika guturubiba no kuburagiza abamenyeshamakuru.
Yamara reta y’Uburundi ivuga kw’ibinyamakuru bimaze kugaragaza ko bivavanuye n’inzira yo gutangaza amakuru acumutima Abarundi, bimaze gusubira gutangaza amakuru.
Mu kignairo Murisanga kw'Ijwi ry'Amerika, umunyamakuru Frederic Nkundikije yaganiye ibyo bibazo byose n'uburyo byabonerwa umuti na bamwe mu bayobozi b'itangazamakuru ndetse n'abanywanyi b'Ijwi ry'Amerika.