Uko wahagera

Burundi: Perezida Ndayizeye Avuga ko Hari Icizero C’amahoro


Inama yahuje abanyapoltike bo mu Burundi i Entebbe mu gihugu ca Uganda
Inama yahuje abanyapoltike bo mu Burundi i Entebbe mu gihugu ca Uganda

Umushingantahe Domitien Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi avuga kw’ibiganiro bitegekanijwe mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa mbere, umwaka w’2016 mu gihe vyoba- vyotuma mu Burundi haboneka agahengwe.

Yatangaje ayo majambo mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, agishika mu Burundi, avuye mu birori vyo gutanguza iibiganiro bizohuza abarundi, vyabereye I Entebbe mu gihugu ca Uganda.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije yaganiye na Perezida Domitien Ndayizeye. Kuri Ndayizeye, ubutumwa bwa Perezida Museveni bwari butomoye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:10:25 0:00

XS
SM
MD
LG