Igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri niho hatanguzwa icese ibiganiro bihuza reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo.
Ivyo biganiro vyuguruwe mu nama ya mbere yabereye mu gisagara ca Entebbe mu gihugu ca Uganda.
Ivyo biganiro bibaye inyuma y’aho amakungu atereye akamo gasaba abanyapolitikke kwicara hamwe mu maguru masha kugira ngo ubwicanyi hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi vyatanguye kuva mu kwezi kwa kane, kandi vyahitanye ubuzima bw’abarundi batari bake, bihagarare.
S’ubwa mbere abarundi bagize ibiganiro bifise intumberpo yo guhagarika indyane za politike, yamara icibobekeza n’uko agahengwe bumvikanako katarana.
Mu kiganiro Murisanga, kiyobowe n'umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije, abatumire barayaga n'abanywanyi b'Ijwi ry'Amerika baanga insiguro zinyuranye ku buryo babona ivyo biganiro