Uko wahagera

Ubuyapani Bwoba Bugiye Gutora Umuti w'Amatati ya Amerika na Irani?


Prezida wa Irani Hassan Rouhani kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe akigera i Teheran. Itariki 12/06/2019
Prezida wa Irani Hassan Rouhani kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe akigera i Teheran. Itariki 12/06/2019

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yashitse ku murwa mukuru w’igihugu ca Irani, Teheran uno musi ku wa gatatu. Ari mu rugendo rugamije guhwamika icuka kibi gitera ciyongera hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani mu bishobora gutera iyindi ntambara mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi.

Shinzo Abe ni we mutegetsi wa mbere w’Ubuyapani agendeye Irani kuva habaye revolusiyo yo mu mwaka w’i 1979 muri ico gihugu. Inyuma yuko abonanye na prezida wa Irani, Hassan Rouhani uno musi ku wa gatatu, bitegekanijwe ko Abe abonana ejo ku musi wa kane n’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollay Ali Khamenei.

Urugendo rw’imisi ibiri rwa Abe kazoba ari akigoro ka mbere k’umutegetsi akomeye gushika ubu kagenewe guhwamika icuka kibi kiri hagati ya Amerika na Irani.

Abategetsi b’igihugu c’Ubuyapani bavuga ko Shinzo Abe atavyo azosaba Irani canke ngo ashikirize ubutumwa bw’abategetsi ba Reta ya Amerika.

Mu rugendo prezida wa Amerika, Donald Trump yagize mu gihugu c’Ubuyapani, yarakiye neza umugambi w’umushikiranganji wa mbere, Shinzo Abe w’ugufasha gutorera inyishu amatati ari hagati ya Amerika na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG