Uko wahagera

Irani Yoba Igiye Kuvavanura n'Amasezerano ya Nikleyeli?


Perezida wa Irani Hassan Rouhani
Perezida wa Irani Hassan Rouhani

Igihugu ca Irani kiratangaza kuri uyu wa gatatu ko kivavanuye na zimwe mu ngingo ziri mu masezerano ya Nikleyeli cumvikanyeko n’ibindi bihugu bitandatu, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru mur’ico gihugu.

Iryo tangazo rizoba rije haheze umwaka, perezida Donald Trump avuze ko akuye Reta zunze ubumwe z’Amerika mur’ayo masezerano, yise ko ari mabi atigeze kubona.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani agiye kurungikira urwandiko ibindi bihugu vyayateyeko umukono arivyo Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi n’Uburusiya, aho asobanura ibice vyayo atazokurikiza. Ategekanya kandi kugira ijambo ashikirije.

Umwe mu bategetsi mu Bufaransa yagabishije Irani kudakora icoza gisunikira Uburayi hamwe n’ibindi bihugu kugifatira ibindi bihano.

Amasezerano yo mu 2015 yasaba igihugu ca Irani kugabanya porogaramu yo guhingura ubumara bwa uranium, amakungu nayo akagitezurira ibihano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG