Uko wahagera

Amerika na Irani Bikomeje Guterana Amajambo


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Irani n'ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Irani n'ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif

Umushikiranganji w’igihugu ca Irani ajejwe imigenderanire, Mohammad Javad Zarif, kuri uno wa mbere yatangaje ko Prezida wa Amerika Donald Trump akwiye kugerageza kwubaha hakuguma agabisha.

Yashikirije ayo majambo ariko yishura ku butumwa Trump yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko mu gihe Irani yoshaka kuja mu vy'intambara ico gihugu kizoca kizimangana.

Muri ubwo butumwa bwiwe Trump yarihanije kandi avuga ko kizira kikaziririzwa gutera ubwoba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Zarif yavuze ko Prezida Trump aremerewe n’akagwi k’abantu bamwe bamwe barimwo umuhanuzi ajewe umutekano w’igihugu, John Bolton, hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli, Benjamin Netanyahu, ku bwiwe yibaza ko ashobora gushikira umugambi wananiwe n’abandi bageragerageje gusomborotsa igihugu ciwe.

Mu ndwi iheze Trump yasa n’uwahevye umugambi wo kuja mu ntambara n’igihugu ca Irani igihe yavuga ko ashobora kwemera ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG