Uko wahagera

Amerika Yongereje Ibindi Bihano kuri Irani


Perezida Donald Trump w'Amerika na Hassan Rouhani wa Irani

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yarafatiye igihugu ca Irani ibindi bihano bishasha ejo kuwa gatatu, haheze amasaha make perezida wa Irani atangaje ko atazubahiriza zimwe mu ngingo ziri mu masezerano ya Nikleyeli ico gihugu cumvikanye n’ibindi bihugu bitandatu rutura kw’isi.

Trump yashikirije ejo kuwa gatatu ko hagiye kuba ibindi bihano ku vyuma Irani ishora mu makungu, birimwo ubutari bwa Aliminium ari naho ico gihugu gikura amafaranga gikoresha.

Ibihano vya mbere Amerika yafashe ku bitoro vya Irani vyatumye ubutunzi bw’ico gihugu busubira hasi. Amahinguriro y’ivyuma nayo niryo soko rya kabiri ico gihugu kironkeramwo amafaranga.

Icuka kibi hagati ya Irani na Reta zunze ubumwe z’Amerika ciyongereye mu ndwi iheze. Igisirikare c’Amerika carungitse ubwato bw’intambara hamwe n’indege zifise ubushobozi bwo kurasa bombe z’ubumara bwa Nikleyeli mur’ako karere, cagiriza Irani gutera ubwoba abasirikare b’Amerika no gutegekanya ibitero ruhasha.

Kuri uyu wa gatatu, perezida wa Irani, Hassan Rouhani yatangaje ko atazubahiriza bimwe mu bice biri mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015, kandi ko azofata izindi ngingo mu misi 60 mu gihe ibihugu vya Burayi bitogifasha guhangana n’ingaruka zatewe n’ibihano vya Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG