Uko wahagera

Amerika Yoba Itegekenya Kurungika Abasirikare 120.000 muri Irani?


Ubwato bw'Amerika butwara indege z'intambara, USS Abraham Lincoln
Ubwato bw'Amerika butwara indege z'intambara, USS Abraham Lincoln

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yabeshuje amakuru avuga ko ategekanya kurungika abasirikare 120,000 muri Irani.

Nkuko vyashikirijwe n’ikinyamakuru candikira muri Amerika, The New York Times abasirikare 120,000 bariko biyumvirwako ntiboba bagiye gutera Irani, kuko abahinga bategura intambara bavuga ko ico gikorwa cokenera abasirikare benshi barenze abo.

Ubushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi buza bwaramaze kurungika ubwato butwara indege z’intambara mur’ako karere.

Hambavu y’ivyo, umutegetsi mu runani rw’abasirikare mpuzamakungu barongowe n’Amerika bariko bararwanya umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu bashikirije ejo kuwa kabiri ko Irani itarigera isomborotsa abasirikare babo bari muri Iraki na Siriya.

Ivyo bishikirijwe bibonwa nko kwivuguruza kuvyo reta ya Trump hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuze ko babonye ko Irani ikora iterabwoba ku basirikare b’Amerika bari mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG