Uko wahagera

Prezida Trump Abona ko Irani Izorondera Kuganira n'Amerika


Ministri w'ububanyi n'amahanga wa Irani Javad Zarif
Ministri w'ububanyi n'amahanga wa Irani Javad Zarif

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ko ata bibazo vy’ukutumvikana bihari ku migambi yerekeye akarere ko mu buseruko bwo hagati k’isi. Ivyo ni mu gihe icuka kibi hagati ya Amerika na Irani kibandanya. Yamara Prezida Trump avuga ko Irani izorondera kuganira vuba.

Prezida Trump yariko yishura ku makuru yatangajwe mu binyamakuru, “The Washington Post” na “The New York Times” avuga ko hari ukutumvikana hagati y’Amerika n’Uburayi. Abari muri Reta yiwe babona ko Irani iriko yitegurira gutera inteko za Amerika n’abandi barimwo bamwe mu bategetsi b’ibihugu bicuditse na Amerika, bavuga ko ingingo Irani iriko ifata ari iz’ukwivuna mu gihe yoterwa na Amerika.

Mu butumwa ku rubuga Twitter, Trump avuga ko ivyiyumviro bitandukanye biriko birashikirizwa ko yamara ari we afata ingingo ya nyuma.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Javad Zarif, yatangaje uno musi ku musi wa kane ko agasomborotso ka Amerika atawokemera.

Prezida Trump yafashe ingingo mu mwaka uheze y’ugukuva mu masezerano mpuzamakungu ku mugambi wa Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda. Irani yari yemerewe kworoherezwa ibihano yahafiwe n’amakungu. Yamara Reta ya Trump yafashe ingingo nshasha ziziririza Irani kugurisha ibitoro vyayo ku masoko mpuzamakungu n’ugukoresha inzego mpuzamakungu zerekeye amafranga. Ivyo mu mugambi w’uguhindura ukugene ico gihugu cigenza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG