Uko wahagera

Irani Yoba Igiye Gukumirwa n'Ibihugu Bibanyi


Umugabo ariko asoma ikinyamakuru kiriko isanamu y'umwami wa Arabiye Sawudite Salman.
Umugabo ariko asoma ikinyamakuru kiriko isanamu y'umwami wa Arabiye Sawudite Salman.

Umwami wa Arabiya Saudite Salman, ejo kuwa kane yasavye ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu gukorera hamwe mu kurwanya ico yise Inyifato z’ubugizi bwa nabi za Irani mu karere.

Ivyo yabishikirije inyuma y’umusi umwe umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika John Bolton avuze ko Irani ariyo yononye ubwato bune, bwarimwo bubiri bwa Arabiya Sawudite bwarimwo ibitoro, ku nkengera z’amazi muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu.

Ivyo vyagiriji igihugu ca Irani carabihakanye civuye inyuma.

Arabiya Sawudite, soma mbike na Reta zunze ubumwe z’Amerika, cakiriye inama y’ibihugu vy’abarabu hamwe n’abayisilamu mu nama idasanzwe.

Riyad yasavye kwihweza ivya Irani hamwe n’inzira yo guharira ivomo ico gihugu mu gihe hari ubwoba ko hari intambara ya gisirikare ishobora kwaduka muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG