Inama nshingamateka ya Zimbabwe yatangaje ko ibaye irabangira kwumviriza Robert Mugabe kuri dosiye y'imiriyaridi n'imiriyaridi z'amadorari yagurishijwe ubutare bwa diyama ku ntwaro yiwe atawuzi irengero ryayo.
Umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ubutare n’amasoko ntanganguvu wasiguye ko ingingo yo kongera gutumako Mugabe canke kumwihoza, izova ku murwi mushasha uzoshirwaho inyuma y’amatora ategekanijwe itariki ya 30 z’ukwezi kw’indwi.
Mu gihe abashingamateka baza barabajije ibibazo bamwe mu bahoze ari abashikiranganji n'abayobozi b'inzego zijejwe umutekano kuri iyo dosiye iharurwamwo miriyaridi 15 z'amadorari, Mugabe yahisemwo kwihoza incuro zitatu ubutumire bwo kuza kwisigura.
Mu mpera z'ukwezi kwa gatanu aho Mugabe yanka kwitaba ku ncuro ya gatatu, umurwi w'abashingamateka bariko bamukorako amatohoza bari bavuze ko abandanije kwica amatwi ashobora kuzopfungwa.
Facebook Forum