Uko wahagera

Zimbabwe: Mugabe Ashobora Kuzobazwa Amahera ya Diyama Yazimiye


Bitegekanijwe ko umurwi w’abashingamateka mu gihugu ca Zimbabwe urengukisha Robert Mugabe, yahoze ari perezida, kugira yishure ibibazo ku bijanye n’itohoza ku mafranga yavuye mu gisata c’ubutare bwa diyama yazimanganye. Ayo makuru yatangajwe n’umushingamateka uno musi ku wa kabiri.

Abashingamateka bafise imigambi yo kubaza Mugabe ku vyo yatangaje mu mwaka w’i 2016 ko igihugu ca Zimbabwe catakaje imiliyaridi cumi na zitanu y’amadolari y’amafranga avuye mu butare bwa diyama bivuye kuri ruswa.

Mugabe, Reta yiwe yagirijwe ko yasahuye amafranga avuye muri diyama, yakuwe ku butegetsi n’igisirikare mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze. Yasubiriwe n’uwahoze ari icegera ciwe, Emmerson Mnangagwa.

Temba Mliswa, umushingamateka yigenga, ayoboye umurwi w’inama nshingamateka ujejwe ubutare n’amasoko ntanganguvu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, ko uwo murwi wafashe ingingo y’ugutumako Robert Mugabe kugira yishure ibibazo vyawo.

Atangaza ko bashaka kumenya iyo Mugabe, ico gihe yari perezida, yakuye igitigiri c’imiliyaridi cumi na zitanu y’amadolari.

Mliswa avuga ko ata taliki irategekanywa ku vyerekeye gutumako Mugabe kugira yishure kuri ayo mafranga yavuye mu butare bwa diyama, yazimiye.

Ntibiratomoka ko azotegekwa guseruka imbere y’abashingamateka kugira yishure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG