Inyuma y'amezi atanu uwahoze ari perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe avuye ku butegetsi yamazeko imyaka 37 ntarasubiza impfunguruzo z’inyubakwa y’ingoro y’umukuru w’igihugu.
Ayo makuru yatangajwe n'umuvugizi w'ibiro vya perezida muri Zimbabwe, George Charamba, yasiguye ko Mugabe hari ibintu vyiwe atarakura muri iyo nyubakwa yegereye ahari ibiro vy'umukuru w'igihugu.
George Charamba yongeye avuga ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko Robert Mugabe w'imyaka 94, asubiza infunguruzo y'iyo nyubakwa.
Robert Mugabe kuva avuye ku butegetsi bibanje kugorana mu kwezi kwa cumi na rimwe, umwanya munini awumara mu nzu yiwe nziza cane, iri mu gisagara ca Harare izwi kw'izina rya "Toit bleu".
Facebook Forum