Uko wahagera

Robert Mugabe Yemeza ko Yakubiswe Coup d'Etat


Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe abonana n'abategetsi ba gisirikareku kirimba ciwe i Harare, itariki 19/11/2017.
Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe abonana n'abategetsi ba gisirikareku kirimba ciwe i Harare, itariki 19/11/2017.

Robert Mugabe yahoze ari perezida wa Zimbabwe kur’uyu wa kane yavuye mu gacere yarimwo kuva aho akuriwe ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kumwe yemeza ko ubutegetsi bwiwe bwatembagajwe, yakubiswe coup d’etat.

Mu kiganiro ca mbere caciye kuri televiziyo SABC, ari mu rugo rwiwe i Harare, Mugabe w’imyaka 94 yavuze ko n’aho bamwe banse kuvyita uko, we yemeza ko yatembegarijwe ubutegetsi.

Ariko avuga ko yitako ibimaramare ataco yagiriza Emmerson Mnangagwa yamusubiriye kiretse ko ari ku butegetsi ku buryo buteye ku biri n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG