Uko wahagera

Zimbabwe: Mnangagwa Avuga ko igihugu Carenganye Igihe ca Mugabe


Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe
Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe

Prezida w’igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yatangaje uno musi ku wa gatanu, ko barenganye igihe ca Robert Mugabe yahoze ari prezida.

Ivyo Prezida Mnangagwa yabitangaje mu kwishura ku vyatangajwe na Mugabe vy’uko yakuwe ku butegetsi na coup d’etat.

Prezida Mnangagwa yantangaje ko yakwirikiranye ivyo Mugabe yatangarije abamenyeshamakuru bo mu mahanga ku murwa mukuru, Harare ku musi wa kane. Niryo tangazo rya mbere Mugabe yarashikirije ku mugaragaro kuva atanze imihoho mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Inyishu ya Prezida Mnangagwa yashizwe ku kibanza ciwe ca Twitter. Yatangaje ko Mugabe afise uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyiwe, nk’uwundi munyagihugu uwariwe wese muri Zimbabwe.

Yatangaje yamara kw’igihugu camaze kurengana igihe ca Mugabe. Avuga kw’ico bashimikiyeko mur’iki gihe ari ugutegura amatora yigenga kandi atagira akanenge yo mu mwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG