Igiporisi muri Zimbabwe kigiye kuzotangura kubaza Grace Mugabe, umukenyezi w’uwahoze ari perezida wa Zimbabwe Robert Mugabe, akekwako gushorera mu mahanga bidaciye mu mategeko amenyo y’inzovu yoba yamwungukiye amamiliyoni y’amadolari. Ivyo vyatangajwe kuri uyu wa gatanu n’ibimenyeshamakuru vya reta.
Amakuru ashikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri Zimbabwe, avuga ko abategetsi b’ico gihugu bakeka Grace Mugabe kuba yarasohoye hanze y'igihugu amahembe y’inzovu menshi mu bihugu vy’Ubushinwa, Emira Arabe Uni na Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Raporo yasohotse, yavuzwe no mu kinyamakuru candikira muri Zimbabwe, Sunday Mail, iremeza ko yahishije urwo rudandaza mu gutegeka reta y’igihugu ciwe gusohora impapuro z’amagendo zimuha uburenganzira bwo kwohereza ayo mahembe hanze, avyitirira utuganuke arungikiye abategetsi bo mu mahanga.
Mu kwezi guheze igiporisi ca Zimbabwe niho cemeza ko catanguye amatohoza kuri ivyo vyagiriji.
Facebook Forum