Uko wahagera

Mugabe Arabazwa Irengero ry'Amafaranga Yanyurujwe


Robert Mugabe yahoze ari perezida wa Zimbabwe

Komisiyo y’inama nshingamateka ya Zimbabwe ijejwe ivy’ubutare kuri uyu wa gatatu itegekanya gusaba Robert Mugabe yahoze atwara Zimbabwe gutanga ivyemeza vyerekana irengero ry’imiliyaridi 15 z’amadolari y’Abanyamerika yavuye mu butare bwa Diyama ku ntwaro yiwe.

Iyo komisiyo irongowe n’umushingamateka Temba Mliswa, yavuze ko yumviriza ibijanye n’inyubakwa ya Mugabe izwi kw’izina rya Blue Roof iri i Harare.

Mliswa yavuze ko izo ngingo zikurikiye igerageza ryo gutumako uwahoze ari perezida mu nama nshingamateka kugira avuge irengero ry’amafaranga yavuye mu butare bwa Diyama.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’abakurikiranira hafi ivya poritike, bavuga ko Mugabe ashobora kwagiriza abasirikare kuba baragize uruhara mu gusahura amadiyama yo mu butaka bw’i Chiyadzwa, mu ntara ya Manicaland.

Mugabe ashobora kandi kwagiriza Perezida Emmerson Mnangagwa, yahoze ari icegera ciwe, n’umukukuruke Jenerali Constantino Chiwenga, hamwe n’abandi babijejwe iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG