Uko wahagera

Mugabe Yanse Kwitaba Inama Nshingamateka


Robert Mugabe yahoze ari prezida w’igihugu ca Zimbabwe
Robert Mugabe yahoze ari prezida w’igihugu ca Zimbabwe

Robert Mugabe yahoze ari perezida w’igihugu ca Zimbabwe yihojeje inama nshingamateka yari yamutumyeko kuri uno wa gatatu ngo yisigure ku miriyaridi n’imiriyaridi y’amadorari yavuye mw’igurishwa rya diyama.

Iyo Mugabe yitaba, umurwi w’inama shingamateka ujejwe ubutare n’amasoko ntanganguvu wari kumubaza wishimikije amajambo yavuze mu 2016 akiri ku butegetsi, aho yatangaje ko ababajwe n’uruhombo ku gihugu ciwe rw’imiliyaridi 15 y’amadolari y’igurishwa rya diyama kubera ruswa.

Umukuru w’uwo murwi, Temba Mliswa, avuga ko inama nshingamateka ifise ububasha bwo gutegeka Mugabe kuyitaba ariko imwongeye gushika ku wa mbere ku kwanka kumumaramaza no kumwongera akanya ko kwitegura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG