Uko wahagera

Mugabe Aragabishwa ko Ashobora Gupfungwa


Robert Mugabe Yahoze ari Perezida wa Zimbabwe.
Robert Mugabe Yahoze ari Perezida wa Zimbabwe.

Inama nshingamateka ya Zimbabwe yatangaje kuri uyu wa mbere ko Robert Mugabe yahoze arongoye Zimbabwe ashobora gufungwa mu gihe yokwanka kwitaba umurwi w’abashingamateka uriko uratohoza ku miriyaridi 15 z’amadolari zavuye mu butare bwa Diyama zabuzwe irengero ku ntwaro yiwe

Inyuma yo kwongera kurorera Mugabe amasaha arenga abiri ntiyitabe imbere y’uwo murwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vy’ubutare hamwe n’amasoko ntanganguvu, umukuru w’uwo murwi Temba Mliswa yavuze ko Abashingamateka bataye ivyizigiro kandi barambiwe.

Bugize kabiri uwo mutama w’imyaka 94 y’amavuko yahoze ari perezida wa Zimbabwe yanka kwitaba uwo murwi.

Temba Mliswa yavuze ko bariko bamwandikira urwete rwa nyuma, mugihe atokwongera kwitaba azoca arungikirwa umutahe wo kumufata.

Uwo murwi w’abashingamateka uriko uratohoza kuvyaha vya ruswa vyavuzwe mw’ishirahamwe ricukura ubutare bwa diyama. Mu mwaka w’2016, Mugabe yavuze ko Zimbabwe catakaje imiriyaridi 15 z’amadolari y’Abanyamerika yanyurujwe.

Iyi nkuru tuyikesha umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Harare, Sebastian Mhofu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG