Uko wahagera

Zimbabwe: Barasaba Amatora Atagira Utunenge


Abashigikiye Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi mu myiyerekano mu mabarabara y'i Harare, basaba impinduka mu gutegura amatora yimirije kw'itariki 30 z'ukwezi kw'indwi, Harare, itariki 5/06/2018
Abashigikiye Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi mu myiyerekano mu mabarabara y'i Harare, basaba impinduka mu gutegura amatora yimirije kw'itariki 30 z'ukwezi kw'indwi, Harare, itariki 5/06/2018

Abanyazimbabwe ibihumbi n’ibihumbi bashigikiye abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Zimbabwe biyamirije, uno musi ku wa kabiri, ku murwa mukuru Harare iterabwoba rigirwa na Reta. Basavye itohoza ryigenga ry’intonde z’abazotora imbere y’amatora ategekanijwe kw’italiki 30 z’ukwezi kw’indwi.

Ni amatora ya mbere azoba abaye kuva Perezida Robert Mugabe akuwe ku butegetsi. Abari mu myiyerekano bavuga ko batazorekurira amatora atarangwa n’ubwigenge kandi arimwo utunenge.

Ivyo vyatangajwe n’umuyobozi w’umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, “Movement for Democratic Change”, mu mpfunyapfunyo, MDC, Nelson Chamisa, imbere y’abantu isinzi bariko bamwumviriza.

Yatangaje ko bashaka itohoza ku bantu imiliyoni zitanu n’igice banditswe ku ntonde z’abazotora. Ivyo mu ntumbero y’ukwirinda abatora batabaho.

Chamisa avuga ko perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yasubiriye, Robert Mugabe, mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, azi ko bazomutsinda.

Yamara umugambwe uri ku butegetsi, ZANU-PF, ubonwa n’abantu benshi ko ariwo uzotsinda. Ivyo kubera umugambwe MDC wiciyemwo ibice kuva uwahoze awuyoboye, Morgan Tsvangirai, yitavye Imana mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Igihugu ca Zimbabwe kimaze imyaka cumi gisinzikajwe n’ibibazo bikomeye vyerekeye ubutunzi. Ubushomeri bugeramiye hafi y’ibice 90 kw’ijana vy’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG