Uko wahagera

Fatou Bensouda wa CPI Yiyamirije Ibihano Yafatiwe na Amerika


Fatou Bensouda umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI
Fatou Bensouda umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Fatou Bensouda yiyamirije ibihano Reta zuznze ubumwe za Amerika zamufatiye mu kuvuga ko atawobisabirako.

Bensouda arangije amabanga yiwe y’umushikirizamanza mukuru w’iyo sentare, yateye ivyatsi uno musi ku wa ambere ibihano reta ya prezida wa Amerika, Donald Trump yamufatiye. Hari mw’ijambo ryiwe rya nyuma yashikirije mu nama yama iba uko umwaka utashe y’ibihugu bigize sentare mpuzamakungu mpanavyaha imbere yuko asezera mu mabanga yiwe mu mwaka uza.

Mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka, umushikirangangaji ajejwe imigenderanire wa Ameriika, Mike Pompeo, yatangaje ingingo y’ukuzibira amatungo Bensouda afise muri Amerika canke agenwa n’amategeko ya Amerika.

Mu ntango z’uyu mwaka, Amerika yafashe ingingo y’ukumuziririza hamwe n’abandi betegetsi ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku butaka bwayo. Ivyo kubera bariko batohoza ivyaha vyo mu ntambara bivurwa ko vyakozwe n’inteko za Amerika hamwe n’inteko z’ibihugu bicuditse mu gihugu ca Afuganistani canke ahandi.

Fatou Bensouda amenyesha ko ivyo bihano bigenewe gutyoza sentare mpuzamakungu mpanavyaha n’ibihugu biyigize, kandi ko bifise ingaruka zikomeye kuri iyo sentare. Amenyesha ko yizeye ko Amerika izosubira ku migambi yayo y’ukugeramira sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Avuga ko ata ruhande na rumwe rutsinda ku bijanye n’inyifato nk'iyo.

Ivyerekeye ukugene imigenderanire hagati ya Amerika n’iyo sentare izohinduka igihe Joe Biden yatowe kuba prezida azoshikira amabanga yiwe mu kwezi gutaha ntibitomoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG