Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Umushikirizamanza Mukuru wa CPI


Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Fatou Bensouda
Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Fatou Bensouda

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ibihano ku mushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Fatou Bensouda. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo yemeza ivy’ivyo bihano yagize ati: "Uno munsi imvugo ibwirizwa kujana n'ingiro".

Mike Pompeo yagabishije kandi abantu n’inzego zizobandanya gufata mu mugongo Bensouda ko nabo bashobora gufatirwa ibihano. Mu kwa gatandatu k’uno mwaka, Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump yashize umukono kw’itegeko rirekura ibihano bishingiye ahanini ku vy’ubutunzi no guhagarika ingendo muri Amerika ku bakozi, bamwe mu bakorana vya hagufi na CPI co kimwe n’imiryango yabo.

Kuri ino ncuro ariko Amerika ntiyatomoye ko ibihano kuri Fatou Bensouda vyega iyo yindi mice y’abantu barimwo n’abacamanza muri CPI. Iryo tegeko rirekura ibihano kuri Bensouda ryaje rikurikira ingingo ya CPI yo gutanguza amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n'abasirikare b'Amerika muri Afuganistani. Kuva ico gihe, Amerika ntiyerekwa uwo mupfasoni w'imyaka 59 akomoka muri Gambiya.

Ntaco sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI iravuga kuri ino ngingo y’Amerika. Ubushize ariko yari yateye ivyatsi ico yise “Ukubangamirwa kwimonogoje iyo sentare ikorerwa na Amerika” yongera yibutsa ko ikora mu bwigenge ata gitugu. Fatou Bensouda nawe mu kwa gatandatu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yaba we canke CPI batazodohoka mu gucira imanza abagirwa n'ivyaha vyo mu ntambara bose atawe isize inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG