Uko wahagera

Amerika Yambuye Visa Umuyobozi wa CPI Fatou Bensouda


Fatou Bensouda ni umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha
Fatou Bensouda ni umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Reta ya Amerika yambuye Fatou Bensouda, umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha visa y’ukwinjira ku butaka bwayo.

Iyo ngingo ivurwa ko ari inyishu ya Amerika ku vy’uko Bensouda ashobora kuba ariko atohoza ivyaha vyo mu ngwano vyakozwe n’inteko za Amerika n’ibihugu bicuditse mu gihugu ca Afuganistani.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo yagabishije ko igihugu ciwe gishobora kwanka guha visa canke kuyambura umukozi uwariwe wese wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha afise uruhara muri ayo matohoza.

Ibiro vy’umushikirinzamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda, vyamenyesheje ko azobandanya amabanga yiwe ataco yicura kandi ataco yiteze ku muntu n’umwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, yatangaje ko uwo ari we wese afise uruhara mu matohoza ku nteko za Amerika ku bijanye n’ibibera mu gihugu ca Afuganistani, atokwitega kuronka visa canke kurekurirwa kwinjira ku butaka bwa Amerika. Pompeo avuga ko biteguriye gufata izindi ngingo, harimwo ibihano mu vy’ubutunzi hamwe sentare mpuzamakungu mpanavyaha itohundura inyifato yayo.

Amerika yamye inebagura sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuva ishirwaho mu mwaka w’i 2002. Iri mu bihugu bitari bike vyanse kwinjira muri iyo sentare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG