Uko wahagera

CPI Ivuga Itazotinya Iterabwoba rya Amerika


Fatou Bensouda
Fatou Bensouda

Umushikirizamanza mukuru wa CPI avuga ko atakimutera ubwoba, inyuma y’aho Perezida w’Amerika Donald Trump ategekeye ibihano kuri iyi sentare ishaka gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n’abasirikare ba Amerika muri Afghanistani.

Fatou Bensouda, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atazodohoka kuco iyo sentare yiyemeje co gucira imanza abakoze ivyaha vyo mu ntambara.

Trump ku munsi wa kane yategetse ibihano vy’ubutunzi no guhagarika ingendo muri Amerika ku bakozi ba CPI n’imiryango yabo. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ubutungane, William Barr, yatangaje kandi ko ubushikiranganji arongoye bufise ivyemeza ko iyo sentare yaranzwe na ruswa.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu wa Amerika, Mike Pompeo, nawe yashikirije ko Amerika itari muri iyo sentare, yongera aragabisha ibihugu vya bulaya bicuditse, bihurikiye mu muryango wo kwivunira hamwe umwansi wa OTANI. Abigabisha ko navyo bishobora gukurikiranwa n’iyo sentare ku vyaha vyo mu ntambara bakoze muri Afghanistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG