Uko wahagera

Netanyahu Arashima Ibihano Trump Yafatiye Abategetsi ba CPI


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yashikirije kuri uyu wa kane ko yakiriye neza ingingo yafashwe na perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump, ihana abategetsi ba CPI batohoza ku basirikare ba Amerika ku vyaha vyo mu ntambara boba barakoze muri Afuganistani.

Netanyahu avuga ko iyo sentare yinjijwe muri politike kandi ihiga gucafuza Isirayeli na Amerika hamwe n’ibindi bihugu vyubahiriza agateka ka muntu. Avuga ko iyo sentare yirengagiza ibikorwa n’ubutegetsi yise "ubukora iterabwoba" burimwo Irani.

Reta zunze ubumwe za Amerika na Isirayeli vyaranse gusinya amasezerano yo kwinjira muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuva igishingwa mu mwaka w’ 2002.

Umukuru w’iyo sentare, Fatu Bensouda, yarafashe ingingo mu kwezi kwa cumi na kabiri 2019 yo gutangura gutohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyakorewe ku butaka bwa Palestina. Vyatumye Isirayeli na Reta zunze ubumwe za Amerika birakara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG