Uko wahagera

USA Yankiye CPI Gutohoza ku Basirikare Bayo


Roses with a note saying "#weremember", are placed on the Holocaust Memorial on International Holocaust Remembrance Day, in Berlin, Germany.
Roses with a note saying "#weremember", are placed on the Holocaust Memorial on International Holocaust Remembrance Day, in Berlin, Germany.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zanse ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI ifise icicaro mu Buholande itangura amatohoza ku basirikare bayo ku vyaha boba barakoze muri Afuganistani.

Michele Sison, icegera c’intumwa y’Amerika muri ONU kur’uyu wa gatatu yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko amatohoza ya CPI adatumbereye inyungu z’amahoro n’ubutungane muri Afuganistani.

Yabivuze mugihe ako kanama kariko kiga ku bibazo vya Libiya na CPI, inama yarimwo kandi Fatou Bensouda, arongoye iyo sentare.

Sison avuga kandi ko Amerika yiyemeje kwubahiriza ubutungane mpuzamakungu kandi ko Amerika ubwayo ifise ubutungane bukomeye, bwigenga kandi bwa mbere kw’isi.

Mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe, Fatou Bensouda yatangaje ko agiye gusaba abacamanza ba CPI kumuha uburenganzira bwo kwugurura dosiye ku vyaha vyo mu ntambara bikekwa kuba vyarakozwe n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika mu ntambara yo muri Afuganistani.

Amatohozwa nk’ayo mugihe yoramuka abaye bwoba bubaye ubwa mbere abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bakurikiranwa na CPI.

Kubwa Bensouda, "ivyo vyaha vyo mu ntambara vyakorewe mu ntambara muri Afuganistani n’abasirikare ba Amerika, ikigo c’Amerika gishinzwe iperereza ryo hanze y’igihugu, CIA, Abatalibani n’incuti zabo hamwe n’abasirikare ba reta ya Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG