Uko wahagera

CPI Yahagaritse Gutohoza ku Basirikare b'Ubwongereza


Umusirikare w'Ubwongereza muri Iraki
Umusirikare w'Ubwongereza muri Iraki

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatangaje kuri uyu wa gatatu ko yugaye amatohoza y’ibanze ku vyaha vyo mu ntambara bikekwa kuba vyarakozwe n’abasirikare b’Ubwongereza, inyuma y’aho inteko mvamakungu zirongowe na Amerika zitereye Iraki.

Ibi Fatou Bensouda abitangaje inyuma y’imyaka itandatu hakorwa amatohoza ku nyifato y’abasirikare b’Ubwongereza, cane cane uko bafata abanyororo ba Iraki bafashe.

Mu mwaka wa 2017, iyo sentare y’i Lahaye mu Buholande yavuze ko hari ivyemeza biboneka ko abasirikare b’Ubwongereza bakoze ivyaha vyo mu ntambara. Ariko kuri uyu wa gatatu, yavuze ko ata cemeza yabonye ko Ubwongereza bwakingiye ikibaba abakekwa ivyo vyaha baburanishijwe n’amasentare y’ico gihugu.

CPI yashinzwe mu 2002 nka sentare yigenga ishinzwe gukurikirana ivyaha vyo mu ntambara bitashoboye gukurikiranwa no guhanwa n’ibihugu bigize iyo sentare bivuye kuterekana ubushake canke kutabishobora.

Mu kwezi kw’indwi, amatohoza yigenga mu Bwongereza ku vyaha vyo mu ntambara bikekwa ku basirikare b’ico gihugu muri Iraki hagati y’imyaka ya 2003 na 2009 yavuze ko ibirego ibihumbi vyatanzwe vyasokowe.

Iyo sentare iriko irakurikirana ibirego ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika n’izindi nteko muri Afganistani.

Amerika yamye yanka kwemera ububasha bwa CPI, kandi igihe iyo sentare yiyemeza gutanguza amatohoza ku basirikare b’Amerika mu ntango y’uyu mwaka, ico gihugu caciye gishavura conger gitera igitsure abategetsi bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG