Uko wahagera

CNDD-FDD Yiteguriye Gutora Uwuzosubirira Nkurunziza


Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi utangaje ko witeguriye kurondera umu candida azowuserukira mu matora yo mu 2020 atari Perezida Pierre Nkurunziza.

Mu kiganiro umugambwe CNDD-FDD wagiranye n'abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, umunyamabanga mukuru w'uyo mugambwe Evariste Ndayishimiye yavuze ko uwo mu kandida azotorerwa mw’ikoraniro ry’uyo mugambwe hataramenyekana igihe rizoberako.

Ku kibazo co kumenya uko bizogenda ari nkahamwe abanywanyi b'umugambwe bosaba ko Perezida Nkurunziza yosubira kuba umu kandida mu 2020, Ndayishimiye yishuye ko aka ata wuserukira uyo mugambwe mu matora ku nguvu, yibutsa ko perezida Nkurunziza yavuze ko atazokwitoza.

CNDD-FDD imaze gutangaza Nkurunziza nka kandida mu 2015, amashirrahamwe adakiranira ivyicaro vya politike yatunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza "Ikiringo ca gatatu"
CNDD-FDD imaze gutangaza Nkurunziza nka kandida mu 2015, amashirrahamwe adakiranira ivyicaro vya politike yatunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza "Ikiringo ca gatatu"

Ukwitoza kwa Perezida Nkurunziza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu 2015 vyavyaye inryane hagati y'abavuga ko ukwitoza kwiwe kwari kunyuranye n'amategeko n'abemeza ko ata mategeko yarenzwe mu kwitoza kwiwe.

Ishami rya ONU ryitaho impunzi ryemeza ko Abarundi baharurwa mu bihumbi amajana atanu bahunze igihugu inyuma y'ukwitoza kwa Perezida mu 2015. Gusa, ubutegetsi bw'i Bujumbura ntibwemeranya na HCR kuri ivyo bitigiri.

Umugambwe CNDD-FDD utangaje ko uzotanga uwundi mu kandinda mu 2020 inyuma y'indwi imwe gusa umukuru w'igihugu c'Uburundi avuze mw'ijambo yashikirije amaze gutera umukono kw'ibwirizwa nshingiro rihinyanyuye ko atazo kwitoza mu 2020.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w' Ijwi ry'Amerika Raymond Nzimana

CNDD-FDD Yiteguriye Gutora Uwuzosubirira Nkurunziza Share AMAKURU MU KARERE CNDD-FDD Yiteguriye Gutora Uwuzosubirira Nkurunziza
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:05 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG