Uko wahagera

HCR Yiyemeje Guhuza Uburundi n'u Rwanda ku Kibazo c'Impunzi


Filipe Grandi urongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba ivy’impunzi kw’isi HCR
Filipe Grandi urongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba ivy’impunzi kw’isi HCR

Uwurongoye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu citaho impunzi kw’isi HCR ari mu rugendo mu Burundi. Kuri uyu wa kabiri yabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza. Filipo Grandi yemeye ko agiye guhuza aberwa n’ikibazo c’impunzi mu Burundi n’u Rwanda kugira Abarundi bahungiye mu Rwanda batangure gusubira mu gihugu c’amavukiro nk’abahungiye muri Tanzaniya.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimikiye ku ngorane z’abategetsi b'u Rwanda badashaka ko impunzi z’Aburundi zitahuka mu gihugu cabo. Alain Diomede Nzeyimana yavuze ko n’ikibazo co kudahuza ku biharuro vy’Abarundi bahunze igihugu cashikirijwe uyo arongoye HCR.

Filipo Grandi arongoye ishirahamwe riraba ivy'impunzi kw’isi yavuze ko ashima ko hari impunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 21 zimaze gutahuka zivuye muri Tanzaniya. Yemeza ko abari mu Rwanda bitaborohera gutahuka, avuga ko agiye gufasha kugira habe ihuriro ry’indongozi z’u Rwanda n’Uburundi kugira baganire kuri ico kibazo.

Namubwiye ko bigoye ku ruhande rw’u Rwanda, ariko ko twabonanye na perezida Kagame uno munsi na Nkurunziza twumvikanye kugira dushireho ihuriro ryo kuvugana kugira ryige ibibazo vy’impunzi z’Uburundi ziri mu Rwanda. Murazi ko iryo huriro risanzwe ririho na Tanzaniya ni ngombwa ko ibibazo vy’impunzi bitorerwa umuti mu biganiro, Ivyo vyashikirijwe na Grandi.

Nayo kubijanye n’ibiharuro bidahurizwako, Grandi avuga ko ivyo HCR itanga atovuga ko atari vyo, ariko ko hariko harakorwa isuzumwa mbere hakoreshejwe ubuhinga bwa none kugira abafise amakenga ku biharuro arangire.

Yavuze ko yabwiye umukuru w’igihugu ko atemera ko atari ibiharuro bitarivyo, ariko ko ari ibiharuro bitegerezwa gusuzumwa. yagize ati: "Twarabitanguye mu bihugu vyose birimwo impuzi z’Abarundi kandi tuzobikora ku buhinga bwa none. Nosaba Reta y’ Uburundi gutenyenya kuko ni igikorwa gifata akanya, dushaka kubikora kugira amakenga ahere kuri uyu canke uriya."

Abajijwe ni mba Uburundi buzokwitaba imibonano bagiye gukorana n’indongozi z’igihugu c’u Rwanda ku kibazo c’impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu. Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi yishuye Ijwi ry’Amerika ko Uburundi buzokwitaba iyo mibonano.

Ku birego vya Reta y’Uburundi ko hoba hari abakozi ba HCR babuza Abarundi gutahuka, Grandi yabihakanye avuga ko ico abo bakozi batemerewe ari ugushaka gutahukana impunzi ku nguvu. Uyo arongoye HCR yashimiye indongozi z’Uburundi kubera zihaye ubuhungiro abakongomani bagera ku bihumbi 73. Grandi akaba yemeye ko igisata arongoye kigiye kurondera uburyo bwo guteza imbere mu kibano aho izo mpuzi ziri .

I Bujumbura, Raymond Nzimana, Ijwi ry’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG