Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi isaba ubutegetsi bw’Uburundi kuganira n’abatavuga rumwe nabwo ku bijanye n’amatora ategekanijwe mu mwaka w’i 2020.
Mw’itangazo ryemejwe n’intumwa z’ibihugu 15 bigize ako kanama kuri uyu wa gatatu, ONU imenyesha ko itewe amakenga n’uko ibijanye na poritike vyifashe mur’ico gihugu, ukutihutisha mu biganiro bihuza Abarundi birongowe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko hamwe no kutabona utwigoro tugaragara twa reta kuri ivyo biganiro.
Iryo tangazo rivuga kandi ko ONU ishigikiye utwigoro tw’umuryango w’ubumwe bw’Afrika mu gufasha guhagarika uruhagarara, igasaba ibihugu vyo mu karere guterera kugira haboneke inyishu iciye muri poritike no kutivanga muvyo Uburundi.
Amatora ategekanijwe mu mwaka w’i 2020 abwirizwa kuba “mu mwidegemvyo, ku mugaragaro, mu mahoro, akazohuza benshi uko bishoboka, imigambwe yose ivyipfuza kandi n’abakenyezi ntibakumirwe", ivyo ni vyo vyashikirijwe n’ibihugu bigize ako kanama.
Ubutegetsi bw’Uburundi bwahamagariye Abarundi kwitabira amatora yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ingingo zimwe ziri mw’ibwirizwa shingiro. Mu gihe ryokwemezwa Perezida Pierre Nkurunziza ashobora kwongera kwitoza mu bindi biringo bibiri vy’imyaka indwi indwi mu gihe kandi umugambwe akomokamwo womushira imbere kuzowuserukira mur’ayo matora.
Iyo nteguro y’ihinyanyurwa ry’ibiwirizwa shingiro yaraneguwe n’amakungu, cane cane ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika.
Facebook Forum