Uko wahagera

Burundi: Abepiskopi Katorika Batewe Amakenga n’Intererano y’Amatora


Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, umwe mu bagize inama nkuru y'Abepiskopi katorika mu Burundi
Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, umwe mu bagize inama nkuru y'Abepiskopi katorika mu Burundi

Inama nkuru y'Abepiskopi Katolika mu Burundi mw’itangazo ryayo, isigura ko itewe amakenga n'ingene intererano y'amatora ategekanijwe mu 2020 iriko iratozwa.

Abepiskopi katolika b’Abarundi bemeza ko abatangishwa amafaranga ku nguvu incuro zishika kuri zitatu kandi ata mikoro bafise.

Mw’itangazo ryabo, abo Bepiskopi basaba Reta y’Uburundi kwerekana amafaranga akenewe n'ayamaze gutangwa kugira vyorohere abantu guterera hazwi intambwe igezweko.

Umugambi wo guterera amatora mu Burundi watangajwe na perezida Nkurunziza igihe Uburundi bwariko bwibuka imyaka 55 iheze bwikukiye mu kw'indwi kw'umwaka wa 2017.

Mu mice itandukanye ibwirizwa guterera amatora yimirije mu Burundi mu 2020 n’ayakamarampaka yo mu kwezi kwa gatanu uno mwaka, harimwo amashengero, amashirahamwe, amakoperative , amahinguriro, abirimizi, imiryango ku gatwe kayo n'abakozi ba Reta.

Amwe mu mashirahamwe yigenga n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bariyamirije akatari gake itangihswa ry’intererano y’amatora basigura ko ihonyanga ubwigenge n’agateka k’Abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG