Uko wahagera

Burundi: Perezida Bongo Arafise Icizere ko Ibibazo biri mu Karere Bizotorerwa Umuti


Abakuru b'ibihugu bihurukiye mu muryango ya Afrika yo hagati
Abakuru b'ibihugu bihurukiye mu muryango ya Afrika yo hagati

Kuvugana ibibazo vy’ubutunzi, hamwe no kurabira hamwe ingene ingorane zihanze ibihugu vyo muri Afrika yo hagati zotorerwa umuti, ni vyo umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo Odimba, mu rugendo rwiwe mu Burundi kuri uno wa gatanu yavuganye na mugenzi we w’Uburundi. Ivyo vyashikirijwe n’impande zose inyuma y’umubonano w’abo bakuru b’ibihugu wamaze hafi amasaha atatu.

Aheje kwakirwa na Petero NKURUNZIZA n’abandi bategetsi, uwo asanzwe anarongoye umuryango wa Afrika yo hagati ujejwe ubutunzi n’abo vyagendanye baciye bagana ku kirimba c’umukuru w’igihugu c’Uburundi ahabereye umubonano w’abo bakuru b’ibihugu wamaze hafi amasaha atatu.

Uwo mubonano urangiye Ali Bongo Odimba yabwiye abamenyeshamakuru ikimugenza mu Burundi.

Yagize ati: “Naratanguye ingendo mu bihugu vy’akarere kuva ntowe ngo ndongore uno muryango hari hasigaye gusa Uburundi na Cameroun. Uno musi naje kuraba Petero NKURUNZIZA kugira tuvugane ibibazo vyo muri kano karere. Nkuko nabivuganye n’abandi bakuru b’ibihugu twumvikanye ko nogendera buri gihugu kugira twegeranye ingorane zose ziduhanze.”

Iruhande y’ugukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na Gabon Umukuru w’ico gihugu yavuganye na Petero Nkurunziza ibijanye n’ubutunzi, n’ingene bwotera imbere. Abamenyeshamakuru babajije umukuru w’igihugu ca Gabon ingene agiye gutorera umuti ingorane ziri hagati y’Uburundi n’u Rwanda.

Odimba yagize ati: “Turafise uburambe muri Afrika ku bijanye no kuganira. Ku bantu bafise ugushaka ntacobuza dushika ku muti urama w’izo ngorane. Ivyo rero turabizi dutegerezwa kubitorera umuti. Ikiduha inguvu n’uko twumva hari ishaka kuva muri izo ngorane.”

Urugendo rw’Umukuru w’igihugu ca Gabon rwarangiye kuri uno wa gatanu nyene kuko rwari urw’umusi umwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG